#CECAFAU17: Intamba mu Rugamba amahirwe yo kubandanya ntabwo ari kirenga.

#CECAFAU17: Intamba mu Rugamba amahirwe yo kubandanya ntabwo ari kirenga.

Mundwi ya kabiri y’inkino za Cecafa  U17 zabandanije kuruyu wa kabiri ,ku kibuga Urukundo i Ngozi, Intamba mu rugamba yanganije ubusa ku bundi (0-0) na Somalia.

Inyuma yo gutsindwa ibitsindo (4-0) na Kenya mu rukino rwa mbere, Uburundi bwasubiye kutavyitwaramwo neza mu kunganya na Somalia (0-0) mu rukino benshi bibaza ko Intamba mu rugamba iza kurutsinda bitagoranye bafatiye ku rukino rwa mbere Somalia yatsinzwe na Ethiopia ibitsindo (3-1), ariko ivyo benshi bibaza sivyo vyabaye uno musi kuri stade urukundo iri muri zone Buye, komine Mwumba, intara ya Ngozi, Somalia yihagarayeko irangiza urukino inganije n’umugwi wakiriye ayo mahiganwa ya cecafa u-17 Uburundi.

Muri runo rukino rwa sifuwe n’umugande William OLOYA yifadikanije n’umutanzaniya Haule HAULE Mbaraka hamwe na Isa MASEMBE umugande, rwiganjijwe ahanini n’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba nubwo batashoboye kuronka igitsindo vya boneka ko bafise inyota yo gutsinda ariko bita bakundiye bano basore bamenyerezwa na Vivier BAHATI urukino iminota mirongo icenda yarangiye ari ubusa ku bundi 0-0 kuriyo migwi yompi.

Kunganya kw’intamba mu rugamba bitumye amahirwe yo kubandanya murizo nkino agabanuka kuko mwitsinda barimwo rya mbere rya A n’ico gihugu canyuma gifise amanota make rimwe ritarenga mugihe igihugu ca Kenya gifise ikibanza ca mbere na manota ane ikayanganya na Somalia ariko ikabaruta ibitsindo vyo kwinjiza, Ethiopie ikaza mu kibanza ca gatatu n’inota rimwe co kimwe n’uburundi ariko bukarutwa ibitsindo bumaze gutsindwa.

Ku mukenyuro wa 4-3-2-1 Intamba mu rugamba yatanguje aba bakinyi bakurikira: HABUKA Papy, NDIKUMANA Ali, Mosi Djuma, HABONIMANA Pacifique, NIYERA Japhet, NIBIKORA Arthur (C), MUNABA Edson, IRUTINGABO Faustin, AKIMANA Aubin, IRATANGA Flavier, MASUMBUKO Jules.

Mwomenyako Intamba mu rugamba zizo subira gukina ku wa gatanu i Gitega kuri Ingoma stadium ikazotana mu mitwe na Ethiopie mu rukino rutoroshe cane ku ntamba.

Ku bindi bi buga uno musi nyene mu ntara ya gitega ku kibuga Ingoma, Ethiopie yanganije ubusa ku bundi na Kenya ivyo bihugu bikaba biri mw’itsinda rimwe n’uburundi.

 

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.