Abdoul Razaq Fiston arabeshuza amakuru yatanzwe n’umugwi wiwe wa Zawra’a Sport Club avuga ko se wiwe yitavye umuremyi.

Fiston Abdoul Razaq ati ingorane zo kutumvikana ururimi nizo zatumye Zawra'a Sport Club yandika ko se wiwe yitavye umurenyi.

Umusatirizi akomeye cane asanzwe akinira umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba Abdoul Razaq Fiston asanzwe akinira umugwi wa Zawra’a Sport Club wo mugihugu ca Iraq, arabeshuza amakuru yatanzwe n’uyo mugwi wiwe ubicishije kuri Page Facebook yuwo mugwi, amakuru yavugako se wiwe yitavye umurenyi.

                                 Zawra’a Sport Club bari banditse kuri Page facebook yabo.

Abdoul Razaq Fiston ivyo akaba  yabibeshuje kuruyu wa kane mw’ijoro rishira uyu wa gatanu avugako habaye ukutumvikana ururimi hagati ya bayobozi ba Zawra’a Sport Club  kuko yababwiye ko se wiwe arwaye kandi ararevye gutyo bamuhe uruhusha rwo kuza kumuraba, ariko bobo batahura ko se wiwe yitavye umurenyi gutyo baja no kuvyandika kurubuga ngurukana bumenyi bwuwo mugwi bwa Facebook.

Fiston abandanya amenyesha ko ahura n’ingorane zidasanzwe mu mugwi wiwe ahanini kubijanye n’ururimi, avugako indongozi zuyo mugwi icongereza kibagora gutahura ni mugihe uyo mugwi wo mugihugu ca Iraq usanzwe ukoresha cane ururimi rw’icarabu.

Abdoul Razaq Fiston yamenyesheje kandi ko yaje gusanuka igihe abayobozi b’umugwi wiwe bamuhamagaye kugira ngo bagirire se wiwe igisabisho canyuma ico bita « Dua » niko guca amenye ko ivyo yabasiguriye batavyumise neza. Niko guca abasigurira neza abamurongoye muri Zawra’a Sport Club, ko atababwiye yuko se wiwe yitavye umurenyi ahubwo arwaye cane kugira bamuhe uruhusha rwo kuza ku muraba.

Kwizera Ismail (Nahodha)

Ismail (Nahodha) Kwizera ni umumenyeshamakuru wa Journal Magara Times na Radio Magara Times FM. Aho, KWIZERA Amenyesha amakuru ajanye n'inkino (Sports) hamwe n'amakuru ajanye n'ivyo kwidagadura (Divertissement). Mwandikire kuri: ismailk@magaratimes.com

0 Nizo ncuro bavuze kuri ino nkuru!

Ivyiyumviro!

Nta muntu aratanga iciyumviro kur'ino nkuru, ni mube aba mbere mutanze iciyumviro canyu kuko buri ciyumviro cubaka kirakenewe iwacu.

Tanga Iciyumviro.

Menya Neza Bino Bikwirikira:

1. Buri muntu ararekuriwe gutanga ico yiyumvira kurino nkuru cokimwe no kwishura ku vyiyumviro abandi batanze hano. Ariko mubisabwe kubikora mu bwitonzi kandi mwubahiriza abandi nkuko namwe mwipfuza ko bobubahiriza. Birabujujwe gukoresha runo rubuga ku mvo zindi zitandukanye no gusangira ikiyago. Abazorenga kuri zino mpanuro bazofatigwa ingingo zibereye.

2. Niwiyunge na runo rubuga rw'amakuru kugira uronke inyungu nyinshi harimwo kuba umunywani wa Journal Magara Times hamwe no guhiganigwa agashimwe ka 15.000 BIF buri kwezi gahabwa umuntu yatanze ivyiyumviro vyinshi kandi yigenjeje neza mu biyago vyiwe n'abandi banywanyi ba Journal Magara Times. Kubashaka kuba abanywanyi, bahamagariwe gufyonda hano kugira baheze baje kur'urupapuro rwo kwiyandikisha.

Gira ico ubivuzeko:

This site uses Akismet to reduce spam. Learn how your comment data is processed.