Journal Magara Times ni Ikinyamakuru Kibegereye cane aho muri hose, kibamenyesha amakuru mashasha agishushe kandi agifise akanovera. Amakuru ya Magara Times ahanini aba ajanye n’ibintu biba biriko biraba mu bisata bitandukanye vy’ubuzima nka siporo, politike, ubuhinga, ubutunzi, imibano, ukwidagadura, imanza muri sentare, n’ibindi vyinshi vyo mu karere k’ubuseruko ka Afirika cane cane, mu bihugu nka Kenya, Uburundi, Urwanda, Ubuganda na Tanzaniya.

Journal Magara Times yandikwa mu Kirundi, mu Giswahili, mu Gifaransa no mu Congereza. Kikongera kigasigugwa mu zindi ndimi zine.

Journal Magara Times, « JMT » mu nyuguti nke, ni Ishirahamwe ry’Ubumenyeshamakuru rifise icicaro caryo gikuru mu i Bujumbura, mu Burundi.

RC:
NIF:
Phone:
BP: 3262, Bujumbura,
Burundi, EAC.

Nimba hari inkuru mukeneye kutumenyesha canke kudukeburako, twandikire kuri: editeur@rn.magaratimes.com

Mufise amatangazo canke ibintu mushaka kumenyeshe mubicishiye kuri Journal Magara Times, twandikire kuri advertise@rn.magaratimes.com

Kubijanye n’amasamu canke ibintu vyoba vyanditse canke vyashizwe kuri Journal Magara Times ariko mukaba mwibaza ko bitari gukogwa kubera mubifitiye uburenganzira canke ububasha bwo kubuza abandi kubikoresha mutabibarekuriye, twandikire kuri: copyright@rn.magaratimes.com

Mwipfuza akazi canke kwimenyereza kwandika no kumenyesha amakuru yanditse mukorera Journal Magara Times ku buntu canke muhembwa, twandikire kuri: hiring@rn.magaratimes.com hanyuma mwongere mudondore neza impamvu zanyu zitumye mutwandikira, mwongere mushiremwo ivyo vyose mwibaza ko vyofasha urwo rwandiko rwanyu.

JMT nta nyungu za Politike ifise, nta munyapolitike numwe ishigikiye canke igwanya, kandi ntakumira na rimwe igira. Abantu bose barahawe ikaze kandi bakigwa bose mu rupfasoni no mu cubahiro.