#BBCGahuza: Uwigeze mu gisirikare c’Ubwongereza yishwe muri Kenya

Advertisements:

Tristan Voorspuy yakoze mu gisirikare c'Ubwongereza imyaka 6Uwufise ububasha kw’isanamu
OFFBEAT SAFARIS

Image caption

Tristan Voorspuy yakoze mu gisirikare c’Ubwongereza imyaka 6

Tristan Voorspuy yahora mu gisirikare c’Ubwongereza yiciwe mu gihugu ca Kenya, nkuko amakuru aturuka mu gipolisi avuga.

Uwo mwongereza yishwe n’abungere ku munsi wa Mungu ahitwa Laikipia ariko aragenzura amahoteri yiwe, niko umupolisi wo murako karere yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Associated Press.

Bino bibaye mu gihe hari umugenzo ukunze kwaduka igihe c’ici, wo kuronderera ubwatsi aho buri hose no mu matongo y’abanyagihugu basanzwe.

Bwana Voorspuy ni we yatanguje ishirahamwe ryifashe neza Offbeat Safaris, rikorana n’abakerarugendo.

Martin Evans, arongoye ishirahamwe ry’aborozi « Laikipia Farmers Association », yavuze ko Bwana Voorspuy yatewe ariko aragenzura ihoteri yaturiwe n’abo bungere bagiye kwoneshereza mw’itongo iwe.

Igihe adatashe ku wa Mungu ku mutaga, umurwi w’abamuhigisha indege warabonye ifarasi yiwe yakomeretse ariko ntiwabona Voorspuy, niko bwana Evans yavuze.

Munyuma umurwi uronderera irengero ryiwe hasi, niwo wabonye ikiziga ciwe iruhande y’iyo nzu yaturiwe.

Ukwo kwonesha kwoba gutegwa n’uruzuba canke kuva ku mvo za politike?

Abategetsi bamwe basigura ko kwonesha bitegwa n’uruzuba rwabaye ndanse, rutuma aborozi bihebura.

Ba nyene amatongo bo bavuga ko ababatera barungikwa n’abanyepolitike bipfuza ko bokwakwa ayo matongo.

Bavuga ko abanyepolitike aribo bahimiririza abo bungere mu bwicanyi, barondera ingene bokundwa n’abanyagihugu na burya himirije amatora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kw’umunani.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire