#VOAKirundi: Guhanahana Amakuru Atariyo Vyatikije Impunzi



Umutegetsi wo mugisirikare ca Nijeriya yashikirije icatumye haba igitero ciswe isanganya ca bombe yatewe ku kambi y’abateshejwe izabo m’uburengero bushira ubuseruko m’ukwezi kwa mbere.

Jenerali Majoro Leo Irabor wo mugisirikare ca Nijeriya yabwiye intumwa z’inama ya ONU ijejwe umutekano ziri m’urugendo mur’ico gihugu kur’uyu w’Imana ko ico gitero co m’ukwezi kwa mbere italiki 17 mu gisagara ca Rann, cahitanye abasivile 236 cabaye ikosha rikomeye ryaturutse k’uguhanahana amakuru nabi.

Igihe ico gitero caba, hariko haratangwa imfashanyo mur’iyo kambi kandi abakenyezi benshi n’abana barishwe ndetse n’abakozi bariko batanga imfashanyo icenda bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu Croix rouge muri Nijeriya barapfuye.

Igisirikare ca Nijeriya cateye iyo kambi cibaza ko giteye abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- -----

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils