#BBCGahuza: Abantu 30 bishwe ku bitaro vya Kabul

Advertisements:

Umwotsi uva mu bitaro vyateweUwufise ububasha kw’isanamu
EPA

Image caption

Umwotsi uva mu bitaro vyatewe

Abantu 30 bishwe mu gitero cakozwe n’abantu biyambitse umwambaro w’abaganga ku bitaro binini vyo muri Kabul, niko ubutegetsi bwa Afuganistani bwavuze.

Abagwanyi bafise inkoho n’amagerenade binjiye mu bitaro babanje guturitsa gerenade imwe mu bwinjiriro, munyuma bugurura umuriro ku bakozi no ku barwayi.

Abasirikare bo mu murwi w’aba « commandos » bururukiye kw’idari ry’ibitaro Sardar Daud, nibo bahavuye bica abo bagwanyi bane, babanje gutana mu mitwe amasaha menshi.

Umurwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu « Islamic State » (IS) wemanze ico gitero.

Umurwi w’aba Talibani wamenyesheje ko utagifisemwo uruhara.

Abantu barenga 50 bakomeretse, niko ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze.

Prezida Ashraf Ghani yavuze ko ico gitero cibasiye ibitaro bifise ibitanda 400, ko « cahonyanze agaciro ka kiremwa muntu ».

« Mu madini yose, ibitaro bifatwa nka ntahangagwa, kubitera ni nko gutera igihugu cose ca Afuganistani, » niko yavuze.

Ico gitero catanguye isaha zitatu zo mu gitondo (04:30 GMT). Umwe mu bakozi yashoboye guhunga yabonye umwe mu bateye « yambaye ikoti yera afise inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov arasa uwo bahuye wese, harimwo abaraba abarwayi, abarwayi ubwabo hamwe n’abaganga ».

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils