#BBCGahuza: Arsenal v Bayern: Wenger yidogera umuhagarikizi

Advertisements:

Uwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Arsene Wenger, umumenyereza w’umurwi Arsenal wo mu Bwongereza

Mu gihe abakunzi b’umurwi Arsenal basaba umumenyereza Arsene Wenger gutanga imihoho inyuma y’ugutsindwa na Bayern Munich (5-1), uwo mumenyereza ashira amakosa ku muhagarikizi w’urukino.

Arsene Wenger avuga ko yashavujwe n’umusifuzi inyuma yaho umurwi Arsenal utsinzwe vy’akamaramaza n’umurwi Bayern Munich mw’ihiganwa rihuza imirwi ya Buraya « Champions League » rigira 16.

Inyuma y’urwo rukino, abakunzi b’umurwi Arsenal ntibihanganye, bakaba baguma basaba Arsene Wenger gukinjura bavuga ko ivyo yakoze bikwiye.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Rex Features

Image caption

Abakunzi ba Arsenal basaba uwo mumenyereza kugenda

Arsene Wenger yagiriza umuhagarikizi w’urukino Anastasios Sidiropoulos kuba yimye « penalty » Arsenal, ariko munyuma ayihereza Bayern Laurent Koscielny agize ikosa kuri Robert Lewandowski.

Koscielny yaciye asohogwa, Arsenal itsindwa munyuma 5-1, uteranije n’ivyo mu rukino rwa mbere Bayern iba itsinze 10-2.

« Penalty hamwe n’ikarata itukura ntibisiguritse kandi biteye isoni, » niko umukuru w’aba Gunners Wenger yavuze.

« Umuhagarikizi ntiyitwaye neza. Vyatumye nshavura. »

Arsenal yinjiye muri urwo rukino ije kwigwanako ngo irabe ko yoduza ibitsindo mu gihe yari yatsinzwe 5-1 mu Budagi mu ndwi zitatu ziheze.

Aba Gunners baragize icizere inyuma y’igitsindo ca Theo Walcott, munyuma kinyika Koscielny asohowe.

Bayern imaze kwishura igitsindo yari imaze gutsindwa kuri penalty, ibitsindo bine bikurikira vyinjiye nk’imvura mu minota 17 yonyene.

Ntivyabujije munyuma ko umumenyereza Wenger aguma ashigikira umurwi wiwe.

« Muri rusangi biragoye gutegera ivyashitse, » niko yabwiye BT Sport.

« Nguma mvuga ko umurwi wanje wakinye cane n’inguvu nyinshi kandi ukina neza. »

Mu ntango y’urukino n’inyuma yarwo, abakunzi ba Arsenal baguma bamusaba gutanga imihoho.

Abajijwe ku bijanye n’abamwiyamiriza, Wenger, ashikanye imyaka 67, yagize ati: « Nta na kimwe mfise nongera ku vyo navuze. »

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils