#BBCGahuza: Jenoside ku muryango wa Sudani y’ubumanuko


Onu ivuga ko inzara iri muri Sudani y'ubumanuko iva ku bugaba bw'abantuUwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Onu ivuga ko inzara iri muri Sudani y’ubumanuko iva ku bugaba bw’abantu

Icegeranyo c’umuryango mpuzamakungu Onu kivuga ko ubwicanyi buvangura bushingiye ku moko bukogwa muri Sudani y’ubumanuko, bushobora gutuma haduka ihonyabwoko (génocide)

Mu vyashitsweko, bivugwa ko abatana mu mitwe bahiga n’abasivile.

Ico cegeranyo casohotse inyuma y’itohoza ryamaze amezi indwi rikurikirana ivy’agateka ka kiremwa muntu muri Sudani yo mu bumanuko, kivuga ko kuva igihe ingwano yadukiye mu kwezi kw’indwi 2016, ko amabi ashingiye kukutubahiriza agateka ka zina muntu yiyongeye.

Kivuga ko inteko za leta hamwe n’imirwi y’abafise ibigwanisho bafata ingwano barimwo nk’icitwazo, bagatangura kwica abasivile bisunze amoko, babicisha inzara, bagatuma bata n’ingo zabo.

Naho igisirikare c’igihugu hamwe n’inyeshamba bagirizwa ayo mabi, ico cegeranyo gishira amakosa menshi ku mugambwe uri ku butegetsi, ikigo kijejwe umutekano, igipolisi hamwe n’imirwi bakorana.

Ico cegeranyo cagiriza abasirikare ba leta, benshi muri bo ari abo mu bwoko bw’aba Dinka, guhiga abasivile bo mu bwoko bw’aba Nuer, bagafata n’abagore bo muri ubwo bwoko ku nguvu.

Leta ya Sudani y’ubumanuko yarahakanye ko ata jenoside ihari kandi ko ata bwoko buhamwa.

Prezida Salva Kiir yasavye ko hotunganywa ibiganiro bihuza abenegihugu.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- -----

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils