#VOAKirundi: EAC: « Bakenyezi Mureme Ntimwihebure »




Umuryango wa Afrika y’ubuseruko uraremesha  abakenyezi b’abarundikazi  bari mu makambi y’impunzi kuri uyu munsi mpuzamakungu wahariwe abagore. Uwo muryango uvuga ko naho ubuzima barimwo butoroshe ko borema, bagaharanira agateka kabo aho bari, bakizera ko ingorane barimwo bazozivamwo vuba.

Vyashikirijwe inyuma y’urugendo rwatunganijwe n’uwo muryango w’Afrika y’ubuseruko I Arusha mu ntumbero yo guhimbaza uwo munsi.

Abakenyezi bakora mu muryango w’Afrika y’ubuseruko barikumwe n’abandi baba I Arusha bari m’urugendo rwo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore.

Umufasoni Minani Genose ajejwe ukungana kw’ibitsina m’umuryango w’Afrika y’ubuseruko atera intege abarundikazi bari mumakambi y’impuzi ko batokwihebura. Ni mugihe igisata ca ONU citaho impunzi HCR kivuga ko igitigiri c’abakenyezi bahunze barenga 80 kw’ijana.

Madame Jessica Ariyo, umwe muvyegera vy’umunyamabanga mukuru wa EAC  yarikumwe n’abandi m’urugendo bagize. Ababazwa n’uko abakenyezi aribo bagira ingorane cane muri iki gihe. Mugihe bimwe mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko birimwo ingorane z’umutekano hamwe n’inzara.

Umuryango w’Afrika y’ubuseruko uvuga ko uruhara rw’abakenyezi ari ntangere mw’iterambere ry’ingo n’imiryango mbere no mukazi ka minsi yose. Gusa uvuga ko ugifise abakenyezi bake bari mu bibanza bifata ingingo kuko igitigiri cabo kidashika na 20%.

Iyi nkuru tuyikesha mugenzi wacu Pierre Claver Niyonkuru, I Arusha, kubw’Ijwi ry’Amerika.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- -----

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils