#VOAKirundi: Impari kw’Ipfubwa rya Etienne Tshisekedi



Muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo ubutegetsi bwasohoye itegeko ryo guhagarika ibikorwa vyo kwubaka imva ya Etienne Tshisekedi, umunyepolitike aheruka kwitaba Imana. Umuryango wiwe watangaje ko gutahana ikiziga ciwe vyungururijwe kw’itariki ya cumi na rimwe z’uku kwezi kwa gatatu.

Lambert Mende, umuvugizi wa Reta ya Kongo yatangaje ko ivyo bikorwa vyahagaritswe bivuye ko umuryango wiwe wabisavye. Umuryango ukavuga ko iyo ngingo yavuye m’umugambwe UDPS, Etienne Tshisekedi yarasanzwe arongoye, bivuye ko uwo mugambwe wanse ko ashingurwa mw’itongo risanzwe rishingurwamwo abandi banyecubahiro. Abanywanyi b’umugambwe UDPS, basaba ko Tshisekedi yoshingurwa ku ngoro y’uwo mugambwe.

Gushik’ubu Reta ya Kongo irahakana ivyo bisabwa n’umuryango wa Tshisekedi, ikavuga ko ari ku mvo z’umutekano. Bitegekanijwe ko mur’iyi ndwi haba ibiganiro hagati y’umugambwe n’ubutegetsi mu ntumbero yo kwumvikana aho uwo mugirwa urangurigwa.

M’ugambwe UDPS gushik’ubu harangwa impari zo gusubiriza Etienne Tshisekedi k’uburongozi bw’uwo mugambwe. Ivyo vyatumye abanywanyi b’uwo mugambwe bicamwo imice ibiri.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- -----

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils