#BBCGahuza: Abapolisi babiri bo muri Nigeria bakatiwe kunyongwa

Advertisements:

Abo bantu batandatu bishwe mu kwezi kwa gatandatu 2005

Image caption

Abo bantu batandatu bishwe mu kwezi kwa gatandatu 2005

Abapolisi babiri bo muri Nigeria bakatiwe igihano co kwicwa banyonzwe bagiriwe n’icaha co kuba barazimanganije ubuzima bw’abanyagihugu, ivyaha bimaze imyaka 12.

Abo bagabo babiri bahora bakora mu rwego rw’igipolisi, bakatiwe igihano c’urupfu inyuma yaho basanze bishe abasivile batandatu mu 2005.

Urupfu rw’abantu bashizwe mu murwi « Apo Six » rwavuzwe cane bitewe nuko igipolisi cagumye kirondera gufukafuka ubwo bwicanyi, kivuga ko abapfuye ari ibisuma vyari bifise ibigwanisho kandi ko ari vyo vyatanguye kurasa.

Umurwi ukora itohoza wagenywe na prezida yahahora Olusegun Obasanjo, warahakanye ivyavugwa n’igipolisi munyuma leta irasaba ikigongwe kur’ubwo bwicanyi.

Ezekiel Achejene na Emmanuel Baba nibo bagiwe n’icaha ariko abandi bapolisi batatu, Danjuma Ibrahim, Nicholas Zakaria na Sadiq Salami bararekugwa, nkuko ikinyamakuru Punch cabisohoye.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils