#BBCGahuza: ONU ngo yari ikiwiye guhindura abakozi bayo mu Burundi

Advertisements:

Gaston Sindimwo avuga ko abakozi ba ONU mu Burundi bumva gusa ibivugwa n'abatavuga rumwe na letaUwufise ububasha kw’isanamu
Facebook page Gaston Sindimwo

Image caption

Gaston Sindimwo avuga ko abakozi ba ONU mu Burundi bumva gusa ibivugwa n’abatavuga rumwe na leta

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’u Burundi, Gaston Sindimwo, avuga ko ONU yari ikwiye guhindura abakozi bayo bose mu Burundi kubera kubogama.

Aho yavugana na BBC ariko bwana Sindimwo yavuze ko ico kikiri icipfuzo ciwe ngo ntikiraba umugambwe wa leta y’u Burundi.

Yavuze ko abo bakozi ngo basigaye bumviriza gusa ivyo babwiwe n’abatavuga rumwe na leta, bama bashaka kwerekana ko ibintu mu Burundi vyayangaye.

Gaston Sindimwo yabandanije avuga ko ico ciyumviro yakiganiriye n’abanyagihugu aho yari aramutse agendera impunzi zo hagati mu gihugu.

Ngo birashoboka ko abo bakozi ONU ibimurira mu bindi bihugu nk’uko isanzwe ibigenza, hakaza abandi bashasha.

Imigenderanire itari myiza

U Burundi buramaze kwugara ibiro vy’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe agateka ka zina muntu, nyuma y’icegeranyo c’iryo shirahamwe leta y’u Burundi yavuze ko itigeze ihabwamwo akanya ako gusigura uko ibintu bimeze.

Leta y’u Burundi yemeza ko umutekano wagarutse hose mu gihugu, ngo abavuga ko utariho ni abafise intumbero za politike.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils