#VOAKirundi: Imiliyoni 17 z’Abantu Bugarijwe n’Inzara

Advertisements:


Ishirahamwe Mpuzamaungu ONU ritangaza ko abantu bashika ku miliyoni cumi n’indwi, bari mu bihugu icenda, bugarijwe n’inzara. Umunyamabanga Mukuru wa ONU, Antonio Guterres, ahamagarira amakungu gufasha ibihugu bibangamiwe cane kurusha ibindi, biri mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Ivyo Guterres yabitangaje inyuma y’urugendo yaramazemwo iminsi, yaherahereje mu gihugu ca Kenya, kur’uyu wa gatatu. Avuga ko ata gikozwe ibintu bishobora kwunyuka. Somaliya iriko ica mu kiza ca kabiri c’inzara mu myaka itarenze itandatu. Uturere tumwe tumwe twa Sudani y’Ubumanuko twugarijwe n’inzara, nayo muri Kenya Reta iramaze gutangaza ko igihugu cugarijwe n’uruzuba. Ahandi ni mu gihugu ca Etiyopiya, aho abashika ku miliyoni cumi bugarijwe n’inzara.

Mur’urwo rugendo, Umunyamabanga mukuru wa ONU yaraganiriye na Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya ku bijanye n’ibibazo vya politike biri muri Sudani y’Ubumanuko. Bakaba barabiye hamwe uburyo hoshirwaho ibiganiro bihuza bose. Guterres yatangaje ko bagiye kugerageza uburyo bwompi bahagarika intureka zibangamiye abanyagihugu ba Sudani y’Ubumanuko.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils