#BBCGahuza: Ubuyapani bugiye gukura abasirikare bayo muri Sudani y’ubumanuko

Advertisements:

Abasirikare b'ubu Yapani bari muri Sudani y'ubumanukoUwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Abasirikare b’ubu Yapani bari muri Sudani y’ubumanuko

Umushikiranganji wa mbere Shinzo Abe yamenyesheje ko leta arongoye igiye guhagarika ibikogwa vyo gufasha kubumbatira amahoro muri Sudani yo mu bumanuko mu mpera z’ukwezi kwa gatanu.

« Mu gihe Sudani yo mu bumanuko yinjiye mu bikogwa vyo gusanura ivyononywe n’ingwano, twasanze twohagarika gufasha mu bikogwa igisirikare c’igihugu SDF kirimwo muri Juba, » Bwana Abe asubirwamwo n’ikinyamakuru Kyodo news agency.

Uwurongoye inama y’abashikiranganji Yoshihide Suga, yasiguye ko kuva muri Sudani yepfo bidatewe nuko umutekano wahungabanye mu karere inteko zabo zakoreramwo.

Abasirikare b’Ubuyapani bashitse muri Sudani y’ubumanuko mu kwezi kwa cumi na rimwe 2016 baba aba mbere mu myaka 70 iheze, bagiye mu bikogwa vyo hanze bafise uburenganzira bwo gushobora guhangana n’umwansi bikenewe.

Sudani yo mu bumanuko yiyonkoye kuri Sudani mu 2011, imaze igihe itabagugwa n’ingwano kuva mu 2013.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils