#BBCGahuza: Umugabo yajabutse ibahari atlantique ku rubaho

Advertisements:

Chris yaragize akamwemwe arangije urwo rugendo rwo mu maziUwufise ububasha kw’isanamu
TWITTER

Image caption

Chris yaragize akamwemwe arangije urwo rugendo rwo mu mazi

Umugabo wo muri Afrika yepfo yashizwe ku rutonde rw’abantu bamaze kujabuka ibahari Atlantique ku bwato butambitse nk’urubaho « paddle board ».

Chris Bertish, imyaka 42, yagenze 6,517km wenyene ata n’ubundi bwato bwomufasha bumuri iruhande.

Yagiye yitwaje ivyo yokenera vyose muri urwo rugendo, kenshi akaba yagenda ahagaze.

Bwana Bertish yashitse i Antigua, mu mazinga ya Caraibes, isaha 08.32 (12.32 GMT) ku munsi wa kane avuye Agadir muri Maroc, inyuma y’iminsi 93.

Yasanganiwe n’abantu benshi afise akamwemwe naho yatakaje 9kg.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils