#VOAKirundi: Abanyesomaliya Batari Bake Basubijwe Iwabo

Advertisements:


Mu bugira kabiri muri uyu mwaka, Reta Zunze Ubumwe z’Amerika zirukanye mu gihugu umurwi w’abimukira b’Abanyesomaliya.

Indege itwaye Abanyesomaliya 68 yashitse kur’uyu wa gatanu ku murwa mukuru wa Somalia, Mogadisho.

Abirukanywe baherekejwe n’abakozi bo mu biro bijejwe abimukira n’ukwubahiriza amategeko ku binjira ku butaka bw’Amerika, babashikirije abategetsi ba Somaliya.

Umwe mu birukanywe ku butaka bwa Amerika, Nur Muhamed Mohamud, yabwiye Ijwi ry’Amerika, Serivisi y’Igisomali, ko yaciye mu bihugu birenga cumi mu kiringo c’amezi abiri kugira ashike Amerika.

Yatangaje ko yapfunzwe mu kiringo c’amezi mirongo ibiri muri Reta ya Florida imbere yuko arungikwa mu gihugu ciwe. Amenyesha ko banse kumuha ubuhingiro yari yasavye, kw’atari umugizi wa nabi.

Mohamud, avuga ko Ambasade ya Somaliya i Washington, yahaye impapuro zaborohereje gutahuka muri Somaliya.

Bubaye ubugira kabiri Amerika yirukana abimukira b’Abanyesomaliya batari bake kuva Donald Trump, abaye perezida w’Amerika, kw’italiki 20 z’ukwezi kwa mbere.

Umurwi wa mbere w’Abanyesomaliya 90 barungitswe mu gihugu cabo n’indege mu mpera z’ukwezi kwa mbere.

Somaliya ni kimwe mu bihugu birabwa n’ingingo ya perezida Trump ibuza kwinjira ku butaka bw’Amerika, abantu bava mu bihugu bitandatu bigizwe ahanini n’Abayisilamu.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils