#VOAKirundi: Somaliland: Amagufa y'Abantu Yatowe mu Kinogo Kimwe

Advertisements:



Umugwi ujejwe gukora amatohoza muri Somaliland, intara yiyonkoye kuri Somaliya, watangaje ko watoye ikinogo kirimwo ibiziga vy’abantu bashika kuri cumi n’indwi, bapfubwe mu myaka mirongo itatu iheze. Abo bantu batowe bishwe n’imirwi yayoboka uwahoze atwara Somaliya, Siad Barre, yatwaza igitugu, mu gihe yagwanya imigwi yamugwanya ico gihe, yo muri Somaliland.

Bivugwa ko mur’ico gihe abantu baharurwa mu bihumbi mirongo itanu, baturuka m’umuryango wa Isaac bishwe. Uwo murwi uvuga ko ryar’ihonyabwoko, nubwo iryo jambo gushik’ubu ritemerwa. Inyuma y’imyaka mirongo ibiri n’itanu, iyo ntambara iheze, intara ya Somaliland yahavuye yikukira, iva mu ntara za Somaliya. Gushik’ubu imirwi y’abashakashatsi ikaba ibandanya gutora ibibanza vyatawemwo abishwe.

Haraheze imyaka itanu umurwi w’Igihugu ca Somaliland ujejwe amatohoza ku vyaha vy’ingwano vyakozwe, utanguye gukorana n’imigwi mpuzamakungu kugira abapfuye bapfubanwe iteka. Abagize uwo mugwi bamenyesha ko bariko baregeranya ibirego kugira abakoze ivyo vyaha bashengezwe imbere y’ubutungane. 

 

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils