#BBCGahuza: 48 nibo bamaze kwicwa n’ikirundo c’iyarara muri Ethiopia

Advertisements:

Ico kibanza kimaze imyaka 50 gitabwamwo umwavuUwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Ico kibanza kimaze imyaka 50 gitabwamwo umwavu

Niburiburi abantu 48 nibo bapfuye baguweko n’ikirundo c’umucafu mu gace kubatswemwo inzu z’utururi ku nkengera y’umurwa mukuru Addis Ababa muri Ethiopia, niko ubutegetsi bwavuze.

Buvuga ko hari abantu benshi bakibura kuva aho uwo musozi w’umucafu ubagwiriyeko ku munsi wa gatandatu mw’ijoro. Umunyagihugu wo muri ako gace avuga ko hari abantu 150 ico gihe.

Utururi tutazwi igitigiri twarahambwe twururukiweko n’uwo mucafu.

Ico kibanza kimaze imyaka 50 gitabwamwo umucafu.

Umuvugizi w’ubutegetsi bw’igisagara yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AP, ko mu bapfuye harimwo abana benshi kandi ko igitigiri c’abahasize ubuzima gishobora kubandanya ciyongera.

Umunyagihugu aba aho hantu, Tebeju Asres yavuze ko inzu yabo yamizwe n’ico gihomoka c’umucafu.

« Mama hamwe na bashiki banje batatu niho bari igihe c’ico gihomoka. Ubu sinzi ivyabo, » niko yabwiye AP.

Hari abantu baharugwa mu majana batunzwe n’ugucukura muri iryo yarara barondera ivyo bokurayo ngo bagurishe, niko umumenyeshamakuru wa BBC i Addis Ababa Emmanuel Igunza yavuze.

Hari n’abantu bibera kuri uwo musozi w’umucafu.

Uwufise ububasha kw’isanamu
AP

Image caption

Abantu bari mu kababaro bari muri icp kibanza bashaka kumenya amakuru y’ababo

Abantu benshi ntibaramenya irengero ry’ababo, bakaba bari mu kababro kanini.

Ubutegetsi bufise umugambi wo kuvyaza umuyagankuba bubanje guturira uwo mucafu uva mu vyo abantu imiliyoni 4 baba mu gisagara bata.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils