#BBCGahuza: Ecosse ishaka kuvana n’Ubwongereza – BBC Gahuza

Advertisements:

Umushikiranganji wa mbere wa Ecosse Nicola Sturgeo

Umushikiranganji wa mbere wa Ecosse Nicola Sturgeo

Image caption

Umushikiranganji wa mbere wa Ecosse Nicola Sturgeo

Umushikiranganji wa mbere wa Ecosse Nicola Sturgeo yamenyesheje ko afise intego yo gukoresha amatora kamarampaka yotuma bavana n’Ubwongereza.

Yabwiye ibigo vy’itangazamakuru i Edinburgh ko hari ivyashitsweko, kuva inyuma y’amatora yatunganijwe mu myaka itatu iheze, igihe abanyagihugu ba Ecosse bahitamwo ko ico gihugu kiguma ciyunze kuri Bretagne.

Umupfasoni Sturgeon yavuze ko niba Ecosse yipfuza guhitamwo neza, amatora kamarampaka akwiye gukogwa mu 2019, igihe ukuva kwa Bretagne mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya kuzoba kwagiye ahabona.

Amwishura, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May, yagirije umupfasoni Sturgeo « kurabira mu muringoti », ko ayandi matora kamarampaka azotuma igihugu kigwa mu vyo kitazi, abanyagihugu nabo bagacanamwo.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils