#BBCGahuza: Leta y’Uburundi yatangaje ko ihanzwe n’ikiza ca malaria


Ubururndi bwari bumaze igihe bwemeza ko ata kiza ca malaria kihariUwufise ububasha kw’isanamu
BBC Bujumbura

Image caption

Umushikiranganji w’amagara y’abantu w’Uburundi Josiane Nijimbere

Leta y’ Uburundi yatangaje ko ingwara ya malaria ari ikiza, hategerezwa gufatwa ingingo zidasanzwe zo kurwanya ico kiza harimwo no kuvura abantu ikivunga kandi ku buntu.

Kubw’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu, intara zigeramiwe cane n’izo uburaruko n’ubuseruko bw’Uburundi.

Izi ntara ni nazo kandi zasinzikajwe n’uruzuba gusumba ahandi.

Ibikorwa vyo guhangana n’ico kiza biharurwa mu milioni zirenga 31 z’ama dollars.

Ihindagurika ry’ibihe hamwe no kwijukira igitegwa c’umuceri mu misozi hagati, bivugwa mu vyatumye igitigiri c’abafatwa na malaria ciyongera.

Uwufise ububasha kw’isanamu
SPL

Image caption

Ibidengeri mu mirima y’imiceri biri mu vyongeye imibu mu Burundi

Ibitigiri vy’abafatwa na malaria vyatanguye kugaragara ko biriko biraduga kuva mu mwaka wa 2013.

Abahinga bavuga ko ingwara ifatwa nk’ikiza mu gihe ibitigiri vy’abafatwa bimaze kwikuba kabiri ugereranije n’uko biba bisanzwe mu myaka itanu y’inyuma y’aho.

Ku miriyoni 11 z’abanyiguhugu b’Uburundi, abagera kuri miriyoni umunani barafashwe na malaria mu mwaka uheze wa 2016.

Ico kiza ca malaria ciyongeye kunzara ivugwa mu bice bitari bike vy’igihugu, mbere bikaba bishobora kuba bifitaniye isano.

Muntango z’uyu mwaka, amashami ya ONU yamanyesheje ko abarundi baharugw amu miriyoni zitayu bageramiwe na kigoyi, abakaba bakeneye infashanyo ziciye miriyoni 73 z’ama dorari.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- -----

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils