#BBCGahuza: Abagabo bakinisha ibitsina bagasesa imbuto bagiye guhanwa muri Amerika

Advertisements:

Gukorora inda ni ikibazo kirimwo impari nyinshi muri TexasUwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Gukorora inda ni ikibazo kirimwo impari nyinshi muri Texas

Umunya politike w’umugore mu ntara ya Texas ari mu bagwanya ugukorora inda yatandukiriye abagabo, asaba ko abokinisha ibitsina vyabo mu ntumbero yo kurondera gusesa imbuto bokurikiranwa n’amategeko.

Itegeko Jessica Farrar ashigikira ariko bigoye ko rishigwa mu ngiro, ngo rifise intego imwe, gukingira abana bovuka ahariho hose, niko yavuze.

Asaba ko abagabo bosuka imbuto « ahandi hantu atari mu gitsina c’umugore canke ahandi hateguwe kubera impamvu z’ubuvuzi » ko bocibwa amande ya $100.

Umugabo arekuye intanga ziwe muri mwenubwo buryo « akwiye gufatwa ko yanse umwana yovutse ».

Jessica Farrar, umushingamateka w’umu démocrate mu ntara ya Texas, yashikirije iyo nteguro y’itegeko 4260 mu ndwi iheze ariko arazi ko ritazigera ryemezwa.

Avuga ko iryo tegeko ryari rikwiye gufatwa ku rugero rumwe nk’igihe abagore bahitamwo kugumya canke gukuramwo inda.

Asaba abagore gushingurana icubahiro ibisigarira vy’inda zakorowe.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils