#BBCGahuza: Benjamin Natanyahu yamye mu rubanza

Advertisements:

Netanyahu na Sara baje muri sentare bafatanye akaboko

Image caption

Netanyahu n’umugore wiwe bashaka indishi ya $76,000

Benjamin Netanyahu, yahakanye imbere ya sentare ko umugore wiwe Sara, yoba yaramusohoye mu modokari bamaze gutata, nk’uko vyanditswe kuri Facebook n’umunyamakuru Igal Sarna.

Benjamin Netanyahu n’umugore wiwe barengutse muri sentare bafatanye amaboko, baje gutanga ivyemezo mu rubanza barezemwo umunyamakuru Igal Sarna.

Uwo munyamakuru, yanditse ku rubuga rwa Facebook ko Sara Netanyahu yategetse urukurikirane rw’imodokari zireruruye umushikiranganji wa mbere guhagarara mw’ibarabara riva Tel-Aviv rija i Yerusalemu, kuko ngo yashaka ko ava mu modokari.

Uyu munsi Netanyahu yabwiye sentare ko ivyo uwo munyamakuru yatangaje ari ibinyoma.

Uwufise ububasha kw’isanamu
EPA

Image caption

Igal Sarna ahagarara ku vyo yanditse yemeza ko ari vyo

Aba banyacubahiro barondera indishi y’akababaro ingana na 76,000 vy’ama dorari ya Amerika hamwe no gusabwa imbabazi.

Uwo munyamakuru we ahagarara ku vyo yanditse, aho yemeje ko ari vyo kandi ari amakuru yo kwizigirwa.

Mu mwaka uheze, sentare ijejwe gutunganiriza abafise amatati mu kazi y’i Yerusalemu, yashinze ko Sara Netanyahu yatutse kandi akarakaza abakozi bo mu rugo rw’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils