#BBCGahuza: Ubufaransa: Itohoza kuri Francois Fillon

Advertisements:

Gushika mu minsi iheze, Francois Fillon niwe yari umukandida yavugwa ko yotsinze amatoraUwufise ububasha kw’isanamu
Reuters

Image caption

Gushika mu minsi iheze, Francois Fillon niwe yari umukandida yavugwa ko yotsinze amatora

Umufaransa w’umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu Francois Fillon agiye gukorwako itohoza kuvyo aregwa ko yanyuruje amahera y’igihugu, niko abashikirizamanza bavuze.

Uwo mugabo akurikiranwa kukuba yarishe ibihumbi vy’ama euros umuryango wiwe, ku kazi batigeze bakora.

Avuga ko ata kintu kibi yakoze ariko akaba yavuze mu minsi yahera ko yova mw’ihiganwa ry’umukuru w’igihugu, igihe yoba agiye gukorwako itohoza.

Gushika mu minsi iheze, niwe yari umukandida yotsinze amatora ategekanywa mu kwezi kwa kane n’ukwa gatanu.

Muri kino gihe ijunja ryiwe ryakorotse kubera abandi bakandida bakomeye barimwo Marine Le Pen na Emmanuel Macron.

Fillon azovyikuramwo gute?

Kuva ku munsi wa kabiri, Bwana Fillon, imyaka 63, agiye gukorwako itohoza ku vyo yikekwako, ko yategetse ko umugore wiwe Penelope ahembwa amahera y’akazi k’umufasha wo mu nama nshingamateka, akazi atigeze akora.

Atohozwako kandi ko yarishe abana biwe Marie na Charles igihe yari umukenguzamateka. Bwana Fillon yavuze ko abana biwe barishwe amahera nk’abahinga mu vy’amategeko ku buzi bakoze ariko nta numwe yarabifitiye urukaratasi rw’umutsindo ico gihe.

Kino ni igihe Francois Fillon atinya ariko yari asanzwe azi ko azocamwo, niko umumenyeshamakuru wa BBC, Hugh Schofiel yanditse avuga.

Ntazi ingene agiye kuvyikuramwo mu gihe uwo nyene Fillon ariwe yavuga imbere y’iyamamaza, ko bitumvikana ingene umuntu yoguma ari umukandida igihe yoba akurikiranwa n’amategeko.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils