#BBCGahuza: Abantu icenda bishwe mu ndyane z’amoko muri Kenya

Advertisements:

Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya

Image caption

Prezida Uhuru Kenyatta wa Kenya

Niburiburi abantu icenda bishwe mu makimbirane yabaye hagati y’umuryango w’aba pokot n’uw’aba Njemps mu ntara y’ikiyaya ca Rift mu gihugu ca Kenya, niko ubutegetsi bw’intara ya Baringo iri mu kiyaya ca Rift bwamenyeshe.

Umujenama wo mu ntara ya Baringo yavuze ko abanyagihugu bo mu muryango w’aba Njemps, wateye abo mu muryango w’aba Pokot urondera kwihora.

Peter Didi Loruk avuga ko ikibazo gituruka ku bitungwa ari co cama gikwega imvururu.

Muri kino gihe, abantu baharugwa mu majana bomotse bava muri ako karere aho uruzuba rutuma abungere bonesheraniriza bigakwega indyane.

Ubwo bwicanyi bubaye mu gihe ubutegetsi bwatanguje umugambi wo kwaka ibigwanisho abo borozi.

Mu ntango ya kuno kwezi, icegera c’umukuru w’igihugu, William Ruto, yategetse ko abo bose bitwaje ibigwanisho bofatwa nk’abansi, bakaraswa bakicwa.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils