#BBCGahuza: Mark Rutte asa n’uwarushije abandi mu matora muri Hollande.


Mark Rutte ari imebre mu matoraUwufise ububasha kw’isanamu
AP

Image caption

Hari abibaza ko kubona amatora yitabiriwe cane vyafashe imigambwe imwe nk’uwa Mark Rutte

Ibiharuro vyavuye mu kubaza uko abantu batoye mu matora y’abashingamateka ya Hollande vyerekana ko umugambwe wa Liberal ugedera ku vyiyumviro vyo hagati na hagati, uza imbere.

Umugambwe DW wa Mark Rutte aharurigwa ko waronse intebe 31 kuri 150 zigize inama nshingamteka.

Umugambwe ugendera ku vyiyumvro vyo kurwanya aba Islamu, Freedom Party, userukiwe na Geert Wilders, bisa n’aho utaronse amajwi menshi nk’ayari yitezwe,

Ushobora gusangira ikibanza ca kabiri n’imigambwe ya Christian-Democrats na D66 yose yo yaharuriwe intebe 19, kuri buri mugambwe.

Umugambwe Labour wari mu runani ruri ku butegetsi wo bigaragara ko warushijwe cane.

Aya matora aboneka nk’urupimo ko co aba Hollande bibaza kuri politike zikumira abimukira yo mu bihugu vya Bulaya, mu gihe mu Bufaransa no mu Budagi naho himirije amatora muri uyu mwaka.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- -----

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils