#BBCGahuza: Amasase kw’ishule ry’Ubufaransa yakomerekeje benshi

Advertisements:

Francois Hollande, prezida w'Ubufaransa

Image caption

Francois Hollande, prezida w’Ubufaransa

Abantu benshi bakomeretse inyuma yaho umuntu arasiye kw’ishule ryo mu gisagara ca Grasse, mu bumanuko bw’Ubufaransa, niko igipolisi cavuze.

Umugabo afise ibigwanisho vyinshi yateye kw’ishule ry’ahitwa Tocqueville mu gitondo, arasa umuyobozi yongera akomeretsa abantu babiri, niko imbonerakure yo mu Bufaransa, BFMTV, yavuze.

Umuntu umwe yafashwe kandi igipolisi kigwanya iterabwoba camaze gushika muri ico kibanza, niko iyo televiziyo ivuga.

Ubutegetsi bwari bwaburiye abanyagihugu ku bijanye n’igitero c’iterabwoba gitegugwa, mu buryo bwa telefone ngendanwa.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils