#BBCGahuza: Ghana: Leta nini ku mugabane wa Afrika

Advertisements:

Nana Akufo-Addo arahirira amabanga y'umukuru w'igihuguUwufise ububasha kw’isanamu
Reuters

Image caption

Nana Akufo-Addo arahirira amabanga y’umukuru w’igihugu

Umukuru w’igihugu ca Ghana Akufo Addo aravugwa cane muri kino gihe, mu kuba yashinze leta igizwe n’abashikiranganji 100, iya mbere nini mu mateka y’igihugu ca Ghana.

Prezida Akufo Addo yatangaje ku munsi wa gatatu ko agenye ivyegera 50 vy’abashikiranganji hamwe n’abashikiranganji bane b’igihugu.

Biyongeye ku bari bahasanzwe, igitigiri c’abashikiranganji gica kiduga ku 110, igitigiri kitari bwigere gishikwako mu mateka y’igihugu ca Ghana, nkuko umunyamakuru wa BBC mu gisagara ca Accra, Thomas Naadi avuga.

Hari ubushikiranganji bufise abashikiranganji bane harimwo n’ivyegera vyabo.

Abagenywe bazohabwa imiduga y’akazi, amazu ya leta, batekeregwe bageze mu karuhuko k’izabukuru n’ibindi.

Uwurongoye umurwi w’inkehwa mu nama nshingamateka, yagereranije iyo leta n’inzovu ata kindi ije gukora atari ugutemvya umutungo w’igihugu.

Umushikiranganji ajejwe ihererekana ry’amakuru Mustafa Hamid yashigikiye igena ry’iyo leta, asigura ko umukuru w’igihugu akeneye abashikiranganji bakwiye bamufasha gukemura ingorane z’igihugu.

Igihugu ca Ghana gifise ideni ry’imiliyardi 30 z’amadolari.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils