#BBCGahuza: Ingoma y’Ubwongereza yemeje ukuva mu muryango wa Buraya


Umwamikazi yagendeye inyubakwa ndangamuco y'igisirikare ku munsi wa mbereUwufise ububasha kw’isanamu
EPA

Image caption

Umwamikazi yagendeye inyubakwa ndangamuco y’igisirikare ku munsi wa mbere

Umwamikazi Elisabeth II, yemeje ko Ubwongereza buva mu muryango w’ibihugu vya Buraya, bikaba bigiye gutuma umushikiranganji wa mbere Theresa May atangura ibiganiro vyo kuwusezera.

Itegeko ryo kuva mu muryango w’ibihugu vya Buraya, ryahitishijwe ku munsi wa mbere n’abagize inama nshingamateka.

Rifasha umushikiranganji wa mbere kumenyesha ibiro vy’umuryango biri mu Bubiligi, ko Ubwongereza buvuye mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya, ivyo bikaba bizomara imyaka ibiri ngo bishobore kurangira.

Umupfasoni May yavuze ko azotanguza ivyo bikogwa mu mpera za kuno kwezi.

Bishobora kudakogwa mu ndwi iza mu kwirinda ko bihurirana n’inama y’uwo muryango, itari itegekanijwe.

Iyo nama izoba ihuriranye n’isabukuru ry’imyaka 60 ry’amasezerano ya Roma, yatumye umuryango wa Buraya mu vy’ubutunzi uvuka, wahavuye uvamwo Umuryango w’ibihugu vya Buraya.

Umunyamabanga ajejwe umugambi « Brexit » wo kuva mu muryango w’ibihugu vya Buraya, David Davis, yagize ati: « Mu mpera za kuno kwezi tuzokwisunga ingingo ya 50, iturekurira gutangura ibiganiro vyo kuraba ingene twobandanya dukorana n’umuryango w’ibihugu vya Buraya, n’ingene twokorana n’amakungu. »

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- -----

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils