#VOAKirundi: Ahmad Ahmad ni Muntu ki?

Advertisements:


Umunyamadagascari Ahmad Ahmad yatowe kurongora urunani rw’amashirahamwe y’umupira w’amaguru mu karere ka Afirika. Yahora ari mundongozi z’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Madagascari.

Yarigeze kuba umunyapolitike mugihugu ciwe inyuma yo kuba umukinyi w’umupira w’amaguru n’umumenyereza. Kuva m’umwaka w’2003, yatowe kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Madagascari.

Mur’uku kwezi kwa gatatu, 2017, yatowe kurongora urunani rw’amashirahamwe y’umupira w’amaguru kurwego rw’Afirika. Abaye umukuru wa CAF agira ndwi.

Ku myaka 58 y’amavuko, Ahmad asimbuye Issa Hayatou wayoboye CAF kuva mu mwaka w’1988

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils