#BBCGahuza: Imvura yahitanye abantu n’ibintu mu Burundi

Advertisements:

Inzu zishika 130 nizo zaraye zibomotse

Image caption

Inzu zishika 130 nizo zaraye zibomotse

Imvura yaguye yahitanye abantu n’ibintu mu duce dutandukanye mu gihugu c’Uburundi, amazu arenga 130 akaba yaraye abomotse kubera imvura nyinshi, nkuko umunyamakuru wa BBC ari i Bujumbura yabishikirije.

Prime Ndikumagenge avuga ko mu Buterere, mu buraruko bw’umurwa mukuru Bujumbura, imiryango itari mike yari yifumbereje mu gihe amazu arenga 130 yaraye abomotse kubera amazi y’imvura.

Image caption

Ku Buterere abantu babuze iyo bava n’iyo baja, inzu zabo zabomotse

I Mabayi mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu, mu ntara ya Cibitoke, abantu batanu bo mu muryango umwe baraye bapfuye. Inzu yabaguyeko mu mvura yaguye mw’ijoro ariko bane barashoboye kurokoka.

Gushika mu masaha y’umurango amazi yari akidengereye mu mazu amwamwe yo muri zone Buterere mu gisagara ca Bujumbura.

Image caption

Abantu bafise amakenga ko amazi yateye amazu ashobora gutuma munyuma zibomoka

Ahandi amazu yasenyutse ni muri zone Kinama mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Ahahora inzu y’umutamakazi Ntahondi Marceline ubu hasigaye ubuzize aho yaba muri quartier Buhinyuza .

Mu gitondo we n’ababanyi bariko baregeranya amabati n’ibiti vyahora kuri iyo nzu.

Ababa muri iyo nzu ntibazi iyo baja kurara. Aho mu Buhinyuza bidoga ko amazi aabatera ava muri quartier Carama iri haruguru yabo.

Umwe mu bahaba Ntahondi yagize ati:  »Ifise imiserege minini natwe quartier yacu ifise mito mito canke ntigire namba

« Amazi aca amanuka ari menshi akabura aho aca akinjira mu mazu. »

Ntahondi avuga ko bugize gatatu amazi amubomorera aho aba.

Amazi akunze gutera ama karitiye ya Carama na Kinama ava mu misozi ihanamye iri mu buseruko bw’igisagara ca Bujumbura.

Amazi amanukana umurindi munini arimwo umusenyi, ugaca wuzura imiserege, amazi agaca ashwara amabarabara n’amazu.

Ubu muri iyo miserege baroborayo umusenyi nk’uko womenga ni mu ruzi.

MU 2014 abantu barenga 70 barapfuye muri quartier gatunguru ifatanye na Carama bahitanywe n’amazi y’imvura ava mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura

Ubsuhikiranganji bujewe ibikorwa vya leta buvugako ibanki y’isi yatanze amafaranga yo gutunganya neza aho ayo mazi aca. Ariko inzego za leta ntirumvikana ku biusabwa vyose kiugira ivyo bikorwa bitangure.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils