#BBCGahuza: Urukino rwa « Rayon Sport » y’u Rwanda n’umurwi wo muri Mali ntirukibaye

Advertisements:

Mali yakuwemwo mu nkino z'ijonjora mw'ihiganwa rya Afcon 2017Uwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Mali yakuwemwo mu nkino z’ijonjora mw’ihiganwa rya Afcon 2017

Urukino rwohuje umurwi « Rayon Sport » wo mu gihugu c’u Rwanda na « Onze créateurs » wa Mali ntirukibaye, bitewe nuko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Mali (Femafoot) ryahagaritswe n’ikigo kigenzura urwo rukino kw’isi, FIFA.

Itangazo ry’ikigo gihagarikiye umupira w’amaguru muri Afrika, CAF, rivuga riti: « Twamenyeshejwe na FIFA ko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Mali ryahagaritswe mu bikogwa vyose vy’umupira w’amaguru. Kurivyo imigwi yo muri Mali nitirekuriwe kuja mu mahiganwa ya CAF ategekanywa mu mpera z’ino ndwi.

« Inkino inomero 44 na 64 zirafuswe hanyuma imirwi ya El Masry (Misiri) na Rayon Sport (Rwanda) isabwa kubandanya mu nkino zikurikira ».

Ishirahamwe Femafoot rya Mali rihagaritswe na Fifa « kuberako leta yivanga »mu mabanga y’ishirahamwe ry’igihugu.

Iyo ngingo yafashwe inyuma yaho umushikiranganji ajejwe inkino Housseini Amion Guindo yasambuye umurwi nshingwabikorwa wa Femafoot mu ndwi iheze.

Fifa ntishigikiye ko leta yivanga mu bikogwa vy’ishirahamwe rirongoye umupira w’amaguru mu gihugu.

Mw’itangazo Fifa yavuze iti:

« Iyo ngingo izohagarikwa aruko ingingo yafashwe n’umushikiranganji ihanaguwe.

« Hagataho, umurwi w’igihugu wa Mali hamwe n’iyindi mirwi ntirekuriwe kuja mu mahiganwa mpuzamakungu. »

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils