#VOAKirundi: Zimbabwe: Itunganywa Risha Ku Mahinguriro y'Abanyamahanga

Advertisements:



Prezida Robert Mugabe wa Zimbabwe yatangaje ko amashirahamwe y’abanyamahanga yubahiriza amategeko y’igihugu adakwiye kugira impungenge ku bijanye n’ugukora kwayo. Ivyo Prezida Mugabe yabishikirije mu gihe yariko aratanguza k’umugaragaro ishirahamwe rituruka muri Afrika y’Epfo, rihingura isima.

Haraheze iminsi Prezida Mugabe atangaje ko agiye guhindura amategeko ku bijanye n’uburyo ayo mashirahamwe atunganywa. Ni mu gihe abahinga bo bavuga ko iyo migambi idahumuriza na gato abanyamitahe. Mw’ijambo Prezida Mugabe yashikirije, yavuze ko iryo shirahamwe rya Afrika y’Epfo ar’akarorero k’uko ivyo yavuze bitabuza abanyamitahe bo hanze kuzana imitahe yabo.

Afrika y’Epfo isanzwe yaremeje iryo tegeko rya Zimbabwe, rivuga ko ibice mirongo itanu na kimwe kw’ijana vy’umutahe bihabwa abirabure b’abanyezimbabwe, mu ntumbero yo gukosora ubusumbane bw’abakoloni bukumira abirabure. Mu mwaka uheze, Reta ikaba yari yatanze iminsi itarenze mirongo icenda ku mashirahamwe y’abanyamahanga kugira abe yahinduye amategeko ayaranga. Yamara ico kiringo Reta ntiyacubahirije, ivyatumye abanyamitahe bashavura.

Inyuma y’aho Igihugu ca Zimbabwe cigaruriye amasoko yose y’ubutare bwa diyama, ama sentare ariko araburanisha imanza z’abadandaji bitwaye.   

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils