#BBCGahuza: Inama ya G20 yananiwe gutangira ikumira mu rudandazwa

Advertisements:

Trump ashaka ko Amerika yifatira ingingoUwufise ububasha kw’isanamu
Reuters

Image caption

Urudanzwa rudakumira ntiruhuza n’umugambi wa Trump yise ‘America first’

Abashikiranganji b’ubutunzi bo mu bihugu bikize kurusha ibindi bihurikiye mu mugwi G20, bavuye mu nama yabo badashoboye kwumvikana kugumizaho ingingo ibuza kwimirana mu rudandazwa.

Itangazo rirangiza ibiganiro hagati y’abashikiranganji b’ubutunzi b’ibihugu bigize umugwi G20, ryakuyemwo ingingo yo kwankira uwo wese yoza ashaka gukumira abandi mu rudandazwa mpuzamakungu.

Iyi ngingo yakuwemwo mu rwandiko rwasohowe inyuma y’inama yabereye mu muji wa Baden-Baden mu Budagi, inyuma y’aho Leta zunze Ubumwe za Amerika ziyankiye.

Umushikiranganji w’ikigega ca Leta zunze Ubumwe za Amerika Steven Mnuchin, yavuze ko igihugu ciwe cemera ingingo zo gukomeza urudandazwa mpuzamakungu, ariko ko ivyari mu rwandiko rw’umwaka uheze bitari bikwiye.

Mugenziwe w’Ubudagi Wolfgang Schaeuble, we yavuze ko bidashoboka gutegeka bagenzi we gukoresha imvugo itabagononokeye.

Ariko yemeza ko imigendenire hagati y’abashikiranganji b’ubutunzi, muri iyi minsi ibiri bari bamaranye yateye iba myiza aho gusubira inyuma.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils