#BBCGahuza: Rex Tillerson yavuganye n’Ubushinwa ku kibazo ca N Korea


Wang Yi na Rex TillersonUwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Wang Yi, asaba Amerika kwifata, ngo bari mu mayira abiri, ariko amatati siwo muti

Ubushinwa na Leta zunze Ubumwe za Amerika bimenyesha ko ibintu muri Koreya ya Ruguru bigeze ahakomeye, hakenewe ibiganiro ndetse n’ishirwa mu ngiro ry’ingingo zafatiwe leta ya Pyongyang.

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Leta zunze Ubumwe za Amerika Rex Tillerson, yavuze ko bumvikanye gukorana n’ubu Shinwa mu ntumbero yo kugarura Koreya ya Ruguru.

Ubushinwa na Leta zunze Ubumwe za Amerika bishaka ko Koreya ya ruguru yisubirako ku mugambi wayo wa nucleair n’igeragazwa ry’ibisasu vya Missile.

Ivyo Rex Tillerson yabivuze inyuma y’umubonano yagiranye na mugenziwe w’Ubushinwa Wang Yi, aho yemeza ko imishamirano yatewe n’ibikorwa vya Koreya ya Ruguru vyo kugerageza ibisasu vya missile, igeze ahateye impungenge.

Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubushinwa Wang Yi, aremeza ko ishirwa mu ngiro ryuzuye ry’ingingo z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zafatiwe Koreya ya Ruguru ari nkenegwa, co kimwe no kwongera kuvyura ibiganiro na leta ya Pyongyang.

Ku munsi wa gatanu, perezida Trump yari yatangaje, abicishije ku rubuga rwa Twitter, ko Koreya ya Ruguru iriko ‘yitwara nabi’ kandi ko Somambike wayo ariyo Ubushinwa ‘yafashije bike’ muri ico kibazo.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- -----

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils