#BBCGahuza: Intambara y’abungere yahitanye 10 muri Kenya

Advertisements:

Hari abungere bamaze kwimuka kubera uburagiro

Image caption

Uruzuba rutanguye gutuma bamwe babura uburagiro muri Kenya

Indyane zadutse hagati y’imigwi y’abungere muri Kenya bivugwa ko zahereye ku kwibana inka, mu gace ka Kom akarere ka Isiolo mu buraruko bw’umugwa mukuru wa Kenya Nairobi, zahitanye 10.

Uruzuba rumaze igihe muri Kenya rwatumye bamwe mu borozi bimuka bakaja kurondera uburagiro aho batari basanzwe baba.

Ukwo kwimuka kwazanye imishamirane hagati y’abungere b’ibitungwa mu bice bitari bike vya Kenya.

Abategetsi barungitse abajejwe umutekano ahabereye ako kaguma, kugira barinde ko abantu basubira gutana mu mitwe.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils