#BBCGahuza: Ise w’umugabo yashatse gutera ikibuga c’indege ca Orly yarekuwe

Advertisements:

Ikibuga ca Orly ubu kirakora ukuri kwamyeUwufise ububasha kw’isanamu
AP

Image caption

Polisi iracacunze ikibuga c’indege ca Orly n’ubwo casubiye kwugurura

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru w’i Paris bimenyesha ariko ko uwo bavukana n’umugabo yashatse gutera ku kibuga c’indege ca Orly hamwe na mwene wabo bakiri mu mvuto, ariko se yarekuwe.

Ziyed Ben Belgacem yarashwe amaze gufatira inkoho yiwe ku musirikare yari ku kibuga c’indege ca Orly, ashaka kumwaka iyo yari afise yo mu bwoko bwa ‘automatic’ .

Belgacem yavuze ko ngo ashaka ‘gupfira Allah’.

Imbere yo gushika aho ku bibuga c’indege, Belgacem yari yahise ararasa umupolisi aramukomeretsa, yiba n’imodokari.

Bivugwa ko yoba yaraherewe inyigisho z’ubutagondwa mu munyororo, ariko abagiye gusaka ku rugo iwe ahitwa Garges-les-Gonesse mu buraruko bwa Paris nta bimenyetso bahasanze.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils