#VOAKirundi: Ikiganiro ca Prezida Trump na Prezida wa Brezile

Advertisements:


Prezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yagiranye ikiganiro kw’iterefone na mugenzi we wa Brezile, Michel Temer, kur’uyu wa gatandatu. Ico kiganiro cabaye inyuma y’umunsi umwe Prezida Trump yakiriye mu biro iwe Shanseriyeri Angela Merkel w’Ubudagi.

Mwomenya ko abanyagihugu batari bake baturuka mu gihugu ca Brezile, bashigikiye Hillary Clinton yahiganwa na Prezida Trump mu matora, bivuye ku migambi yo kugwanya imigenderanire y’urudandaza hagati y’ibihugu vya Amerika yo m’uburaruko. Yamara Prezida Temer yararungikiye Prezida Trump ubutumwa bwo kumukeza.

Prezida Temer amenyesha ko igwirirana ry’ibidandazwa hagati ya Amerika na Brezile, n’imitahe myinshi ya Amerika mu gihugu ciwe ar’uburyo bwo kunagura ubutunzi bwa Brezile bubangamiwe cane. Ni mu gihe Prezida Trump we amenyesha ko atemera na gato uburyo urudandaza hagati ya Amerika n’amakungu rutunganijwe. Aha akavuga amasezerano ya Amerika n’ibihugu bihurira kw’ibahari Pasifike, hamwe n’amasezerano ALENA ahuza Amerika, Mexique na Canada.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils