#VOAKirundi: Maleziya Igiye Gufasha Somaliya Kugwanya Inzara

Advertisements:


Igihugu ca Maleziya carungitse inteko zaco muri Somaliya, mu ntumbero yo kuja gufasha kugwanya ikiza c’inzara no kugarukira ku banyagihugu ibihumbi n’ibihumbi babangamiwe n’inzara. Ivyo vyatangajwe, kur’uyu wa gatandatu, n’abategetsi muri Reta ya Somaliya, hamwe n’abasezerukira Somaliya muri Maleziya.

Datuk Seri Hishammuddin, Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Maleziya, yatangaje ko igihugu ciwe kizorungika abasirikare bo m’urwego gwo hejuru batatu, baherekeje abaganga b’abasirikare bashika kuri cumi n’indwi. Hishamuddin amenyesha ko iyo mfashanyo izoba igizwe n’ibifungurwa hamwe n’ibikoresho vyo kwa muganga.

Yamara abategetsi ba Somaliya, bajejwe igikorwa co kugwanya uruzuba bamenyesha ko bafise amakenga ko iyo mfashanyo ishobora kwibwa, bakavuga kandi ko bafise ubwoba ko umuhari al-Shabab ushobora kubera intambamyi igikorwa co gushikana imfashanyo m’uturere tutari duke two m’ubumanuko no hagati ya Somaliya.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils