#BBCGahuza: Norvège: Igihugu c’abanezerewe kurusha abandi kw’isi

Advertisements:

Abakunzi b'umupira w'amaguru banezerewe baraba urukino mu 2009Uwufise ububasha kw’isanamu
Getty Images

Image caption

Abakunzi b’umupira w’amaguru banezerewe baraba urukino mu 2009

Norvège nico gihugu ca mbere kw’isi abantu banezerwa kurusha abandi, nkuko icegeranyo c’umuryango mpuzamakungu Onu kivuga.

Igihugu ca Norvège gikuye muri ico kibanza igihugu ca Danemark.

Ikigo kigenzura ukuryohegwa kw’isi « World Happiness Report »gipima bitanashingiye ku kuri imibereho, kikavuga ingene abantu baryohewe n’igituma.

Danemark, Islande, Ubu Swisi na Finlande n’ibihugu bitanu vya mbere kw’isi, mu gihe igihugu ca Repubulika ya Centrafrique ari ica nyuma mu kuryohegwa.

Uburaya bwo mu burengero hamwe na Amerika yo mu buraruko nivyo bihugu biri mu vya mbere kw’isi, igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kikaza mu kibanza ca 14, Ubwongereza mu kibanza ca 19.

Ibihugu vyo muri Akrika munsi w’ubugaragwa bwa Sahara hamwe n’ibirangwamwo intambara nivyo biri mu bibanza vyo hasi, nka Syria iza ku kibanza c’i 152 ku bihugu 155, Yemeni na Sudani y’ubumanuko bivugwamwo inzara bikaza mu bibanza vya 146 na 147.

Ku mugabane wa Afrika, igihugu ca mbere abanyagihugu banezerwa kurusha ahandi ni Algeria (53).

Mu karere ka Afrika y’ubuseruko, igihugu ca mbere abanyagihugu banezerewe kurusha ahandi ni Kenya (112) hagakurikira Uganda (133), u Rwanda (151), Tanzania (153), u Burundi (154) ku bihugu 155 vyatohojweko.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils