#VOAKirundi: Banki y’Isi Izofasha Abarundi Batishoboye


Imiryango igera ku bihumbi 48 mu Burundi izotangura guhabwa amafaranga y’imfashanyo agera ku bihumbi 20 ku kwezi, kuva mu kwezi k’icenda uyu mwaka mu kiringo c’amezi 30.

Umugwi w’igihugu ujejwe gutegekanya kazoza uvuga ko imiryango yatowe ari iyikenye kurusha iyindi. Amafaranga azohabwa iyo miryango yatanzwe n’Ibanki y’Isi yose nk’ingabire ihaye Leta y’Uburundi. Amafaranga ibanki y’isi yose yatanze muri uwo mugambi angana n’imiliyoni 40 z’amadoalari y’Abanyamerika.

Uwo mugambi wo kugwanya ubukene uzokorerwa mu ntara zine kuri 18 zigize Uburundi. Izo ntara nazo ni Kirundo mu buraruko, Gitega hagati mu gihugu, Karuzi hagati hashira ubuseruko na Ruyigi mu buseruko.

Reta yemeza ko uyu mugambi ari uwibanze ushobora kubandanya mu zindi ntara mu myaka iri imbere.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika Eloge Willy Kaneza ni we yateguye iyi nkuru ari i Bujumbura.