#VOA: Umugambi Wo Kwumvikanisha Uburundi N’U Rwanda


Umunyarwandakazi Madame Immaculee Ingabire niwe yatowe kur’ uyu wa gatanu ngo arongore urunani rw’amashirahamwe yigenga yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko yose (East African Civil Society Organizations’ Forum).

Inzego nshasha zivuga ko icihutirwa ar’ukuba umuhuza kugira amatati ari hagati y’Uburundi n’u Rwanda arangire.

Izo nzego zibabazwa n’uko abanyagihugu aribo bahagirira ingorane kubera batishira ngo bizane canke ngo ubucuruzi hagati yivyo bihugu bibiri, rugende neza.

Mushobora kwumviriza inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru.