#VOA: Urupfu rwa Ntaryamira Rubazwa Uburundi n’ u Rwanda


Kuri uyu wa kane niho hibukwa imyaka 23 iheze uwahoze arongoye Uburundi Cyprien Ntaryamira yaguye mu ndege yakorowe igeze hafi y’ikibanza c’indege c’I Kanombe mu Rwanda na mugenzi we w’u Rwanda Juvenal Habyarimana.

Ivyo birori vyitabwe na Perezida Nkurunziza n’umutambukanyi wiwe, abaserukira imigambwe hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.

Ivyo birori vyari vyatangujwe n’imisa yo kwibuka uwo muhisi yasomwe na Archeveque Evariste Ngoyagoye muri Catedrale Regina Mundi.

Umugambwe FRODEBU yaturukamwo usaba Leta y’Uburundi n’iy’u Rwanda kumvikana ukuri kukamenyekana hagatagwa n’indishi y’akababaro.

Ibindi twumvirize Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika m’Uburundi, Eloge Willy Kaneza