#BBC: Imyiyerekano inyuma y’umuriro watongoye igorofa ya Grenfell

Advertisements:

Bmawe bagiye Westeminster abandi kuri BBC NBHUwufise ububasha kw’isanamu
NONE

Image caption

Imyiyerekano yahereye ku kibanza c’inama nshingamteka

Mu muji wa Londres abantu bihereje amabarabara berekeza ku ngoro y’inama nshingamateka kubera agashavu batewe n’uburyo ikibazo c’igorofa yahiye mw’ijoro ryo kuwa kabiri cafashwe.

Igice kimwe c’abakoze imyiyerekano cerekeje i Westminster ku ngoro y’inama nshingamteka, ikindi gica imbere y’ibiro vya BBC hagati na hagati mu muji wa Londres.

Umushikiranganji wa mbere Theresa May yazomerewe igihe yasubira kuri iyo nyubakwa yahiye, inyuma yo kunegugwa kandi igihe yahagendera ejo akahava atavugishije abanyagihugu.

Yatangaje ko hashizweho ikigega ca miliyoni zitandatu z’ama dolari co kuronderera abahuye n’ivyo vyago vy’umuriro ibifungugwa, impuzu n’ibindi vya nkenegwa.

Igitigiri c’abamaze kumenyekana ko bahitanywe n’uwo muriro kigeze kuri mirongo itatu, ariko hari abataramenyekana irengero kugez’ubu.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire