#VOA: Bunyoni Yahamagariye Abasirikare n’Igipolisi Kutavanga Imirimo Yabo na Politike



Umushikiranganji w’umutekano mu Burundi Alain Guillaume Bunyoni ahamagarira abari mu nzego z’umutekano bifuza gukina politike kubanza gutanga imihoho aho kwiyumvira ihirikwa ry’ubutegetsi.

Uwo mushikiranganji yabishikirije kuri uyu w’Imana igihe abasirikare n’abapolisi bahimbaza umusi w’isakaramentu ryeranda.

Musenyeri mukuru wa Archi dioseze ya Bujumbura Évariste Ngoyagoye nawe yasavye inzego z’umutekano gukorera abarundi bose.

Mw’isihure rikuru rya gisirirkare Iscam muri zone Musaga mu bumanuko bwa Bujumbura niho abasirikare n’abapolisi bashimye guhurira na cane cane abakirisu bo muri katolika kugira bahimbaze umusi mukuru w’isakaramentu ryeranda.

Mu nkuka ya misa musenyeri Ngoyagoye yavuze ko iyo hagize ikintu kitagenda neza mu gisata kimwe bigira ingaruka mbi ku buzima bw’igihugu cose.

Ngoyagoye yanibukije abagize inzego z’umutekano n’ukwivuna abansi ko bategerezwa gukorera abarundi bose batavangura.

Mubahawe izo nguvu n’ububasha bamwe bari imbere ya Musenyeri mukuru wa Diyoseze ya Bujumbura. Muribo harimwo umushikiranganji w’ukwivuna abansi n’uwumutekano.

Uwo wa nyuma niwe yari yaserukiye Perezida Pierre Nkurunziza murivyo birori.

Alain Guillaume Bunyoni yahamagariye abo basangiye ibanga mu gisirikare n’igipolisi kutavanga imirimo yabo na politike.

Yabahaye akarorero ka Evariste Ndayishimiye yatanze imihoho aja gutwara umugambwe CNDD FDD uri ku butegetsi avuye mu rwego rw’abasirikare bakuru.

Nk’uko vyagenze no mu yandi ma paroisse ya katolike mu Burundi, imisa yasozerewe n’urugendo ku mudiho w’abasirikare basanzwe bavuza umuziki mu misi mikuru y’igihugu.

Abagize inzego z’umutekano no kwivuna abansi batanguye guhimbariza hamwe umusi w’isakaramentu ryeranda mu mwaka w’I 2005.

Kuva bitanguye, ivyo birori bimaze gusiba rimwe gusa mu mwaka w’I 2015 bitewe n’ibihe vy’umutekano muke igihugu carimwo inyuma y’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca perezida Nkurunziza n’ihirikwa ry’ubutegetsi vyaburijwemwo.

VOA Kirundi (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na VOA Ijwi Ry’Amerika. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya VOA. Ushaka gusoma ayandi makuru ya VOA mu Kirundi k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- -----

VOA Kirundi

Copyright © VOA Kirundi, a division of the VOA (Voice Of Amarica). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils