#BBC: Tanzaniya: Abantu babiri bapfuye babatizwa mu ruzi ku wa Mungu

Advertisements:

Ikarata ya Tanzaniya

Image caption

Ikarata ya Tanzaniya

Abantu babiri barapfuye ku munsi wa Mungu bariko babatirizwa mu ruzi mu karere ka Rombo, mu ntara ya Kilimanjaro mu buraruko bwa Tanzaniya.

Ku bw’icegera c’uwurongoye igipolisi Hamisi Selemani Issa, abo bantu babiri babatizwa bibikwa mu mazi n’umupasitori w’ishengero Shalom, riri mu karere ka Rombo.

Batwawe n’amazi y’uruzi Ungwasi igihe bari bibitswe mu ruzi munyuma hakaduka imikuba ikomeye y’amazi.

Ntibiramenyekana ingene uwo muvugabutumwa hamwe n’abo bari kumwe basimvye imanga.

Icegera c’uwurongoye igipolisi yabwiye BBC ko uwo mu pasitori hamwe n’abakirisu bari kumwe, batawe muri yompi kugira ngo basambishwe.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire