#BBC: Abategetsi ba Amerika n’Uburusiya babonanye

Advertisements:

Inzu z'Uburusiya zigaruriwe na AmerikaUwufise ububasha kw’isanamu
AFP

Image caption

Inzu z’Uburusiya zigaruriwe na Amerika

Inama hagati y’abategetsi ba Amerika n’Uburusiya yari yerekeye isubizwa ry’inzu z’Uburusiya zibiri yafashwe kuva mu kwa cumi na kabiri mu mwaka uheze n’ubutegetsi bwa Obama, yarangiye.

Nta ca bashikirije abamenyeshamakuru, ariko igihe babazwa n’abamenyeshamakuru bari barindiriye kumenya ikivuye muri uwo mubonano wabo, abategetsi b’Uburusiya bishuye mu majambo make ngo « Muri rusangi twumvikanye kuri vyose ».

Mu misi iheze, Uburusiya bwaragabishije ko bushobora gufata ingingo yo kwihora mu gihe hosubira gushirwa ibindi bintu muri ayo mazu. Ivyo bibanza vyari vyigaruriwe na Amerika bavuga ko vyakoreshwa mu gusuma urusaku.

Uburusiya bugiye kwirukana abaserukira amerika 30

Mail ‘zivuga ku nama hagati ya Trump Jr n’Uburusiya’

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya Sergei Lavrov yaranebaguye Amerika muco yise « Ubusuma bwo ku mugaragaro. »

Politike muri Amerika ntiyifashe neza mu gihe hariko haraba amatohoza ku Burusiya kubivugwa ko bwivanze mu matora yo muri ico gihugu.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire