#BBC: Onu: Myanmar ifise umugambi wo kwomora inkehwa z’aba Rohingya

Advertisements:

Ibiro vya Onu (hagati) mu gisagara ca New York muri Amerika

Image caption

Ibiro vya Onu (hagati) mu gisagara ca New York muri Amerika

Icegeranyo c’umuryango mpuzamakungu Onu ku gateka ka zina muntu, cagiriza igisirikare ca Myanmar kurondera kwomora burundu inkehwa z’aba Islamu b’aba Rohingya.

Muri ico cegeranyo bivugwa ko ibitero ku ba Rohingya mu ntara ya Rakhine bikoreshwamwo inguvu nyinshi kandi bikuzako — imirima hamwe n’ibigwati vyarasambuwe mu kubuza ko impunzi zitahuka.

Hamenyekanye ko habaye ubwicanyi bwumvikanyweko ku ba Rohingya imbere yuko abagwanyi b’aba Rohingya bagaba ibitero ku birindiro vy’igipolisi mu kwezi kw’umunani, ivyo bikaba bitandukanye n’amajambo ashikirizwa na leta ya Burma.

Abakozi ba Onu baganiriye n’abantu barenga 60 i Bangladesh bahunze ubwicanyi bwo mu ntara ya Rakhine, biyongeye ku zindi mpunzi zirenga inusu y’umuliyoni.

(Ico cegeranyo kivuga ko mu bihe bimwe bimwe, abasirikare ba Burma bakoresha vya vyuma bitwara ijwi kure (mégaphones) babwira abanyagihugu b’aba Rohingya ko batavuye Myanmar ko bazicwa.)

  • Onu isaba kwihutisha imfashanyo ku mpunzi za Rohingya

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- ----- -----

Advertisements

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils