#VOA: Ishirahamwe ry’Ububiko n’Ingurane COOSPEC Ryarasahuwe

Advertisements:

Mu Burundi, imiliyoni zirenga umunani z’amafaranga y’amarundi zaribwe mw’ishirahamwe ryo kubika no kuguranana ry’abigenga COOSPEC mw’ijoro ryo kur’uyu wa kabiri muri komine Mugina, mu tara ya Cibitoke.

Amakuru ava mu nyamiramabi ngaho i Mugina, avuga kw’abasahuye ayo mafaranga bataramenyekana, ariko kw’ umunyezamu wo kur’iryo shirahamwe aza yahagaritswe ku mvo z’amatohoza.

Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika Evariste Nzikobanyanka ni we yakurikiranye iyi nkuru.