#BBC: Igisirikare ca Zimbabwe kigabisha ZANU-PF kwirinda indyane


General Constantino Chiwenga yasavye ko ibikorwa vyo kwirukana intwari z'ukwikukira bihagararaUwufise ububasha kw’isanamu
AFP/Getty Images

Image caption

General Constantino Chiwenga yasavye ko ibikorwa vyo kwirukana intwari z’ukwikukira bihagarara

Umwe mu bagaba b’igisirikare bakomeye muri Zimbabwe yagabishije ko igisirikare kizovyinjiramwo, nihaduka indyane mu mugambwe ZANU-PF uri ku butegetsi.

Mw’ijambo yashikirije ku buryo busasanzwe, General Constantino Chiwenga yasavye ko hahagarikwa ubu nyene ibikorwa vyo kwirukana mu mugambwe intwari zarwaniye ukwikukira.

Ibi abivuze nyuma y’iminsi mikeyi umukuru w’igihugu Robert Mugabe yirukanye umugabo vyibazwa ko ari we yari kuzomusubirira, uwo nawe aka ari icegera ciwe, Emmerson Mnangagwa.

Grace yizera gushikira ubutegetsi

Uwufise ububasha kw’isanamu
EPA

Image caption

Grace Mugabe yizera gusubirira ku butegetsi umugabo wiwe Robert w’imyaka 93

Iyirukanwa ryiwe risa n’iryugururiye inzira umugore w’umukuru w’igihugu, Grace Mugabe, yo gusubirira ku butegetsi umugabo wiwe w’imyaka mirongo icenda n’itatu.

Kuri ubu bwana Mangagwa abarizwa mu buhungiro hanze ya Zimbabwe.

Zoma izindi nkuru kuri Zimbabwe:

  • Uwahora ari icegera ca Mugabe muri Zimbabwe yahunze
  • Ikibuga c’indege ca Zimbabwe citiriwe Mugabe
  • Zimbabwe: Mnangagwa yahowe kubaza igihe Mugabe azopfira

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- -----

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils