#BBC: Bimvye inzira ya 8m mu kuzimu mu kwiba ibanki mu Buhindi


Abo basuma bimvye iyo nzira mu mezi ane

Image caption

Abo basuma bimvye iyo nzira mu mezi ane

Abasumu bo mu gisagara ca Mumbai bivye ibanki y’Ubuhindi babanje kwimba inzira ica mu kuzimu y’imetero hafi umunani, igikorwa catwaye amezi ane.

Igipolisi cabwiye BBC ko amahera hamwe n’ivyo gushariza umubiri vy’agaciro vyibwe, ariko ko atawuramenya ukwo ivyibwe vyose vyoharugwa mu mahera.

Ubutegetsi buvuga ko abakoze ubwo busuma babanje bakotesha ikibanza cegereye iyo banki yitiriwe Baroda, kugira ngo bashobore kwimba iyo nzira.

Bivugwa ko bari bafise iduka ry’ibiva mu mirima aho baba, kugira ngo bafukafuke ivyo barimwo.

Abakekwa kuba barakoze ubwo bubisha ngo ntawuzi irengero ryabo kuva ku munsi wa gatandatu mw’ijoro.

Image caption

Igipolisi kivuga ko bakotesheje iduka imbere yuko bakora ubwo busuma

Ntawurashobora kumenya ingene abo bantu bashoboye kwimba iyo nzira yo mu kuzimu amezi n’amezi ata muntu avyiketse.

BBC GAHUZA (Menya Neza: Iyi nkuru yanditse na BBC Gahuza. Amakuru n’amashusho cokimwe n’amasanamu yoba ari mur’ino nkuru vyose tubikesha urubuga vya BBC Gahuza. Ushaka gusoma ayandi makuru ya BBC Gahuza k’urubuga rwabo, fyonda hano)

----- -----

BBC Gahuza Kirundi

Copyright © BBC Gahuza, a division of the BBC (British Broadcasting Corporation). All rights reserved. Distributed by Magara Times Kirundi (magaratimes.com). Contact the copyright holder directly for corrections or for permission to republish or make other authorized use of this material... Articles and commentaries that identify Magara Times Kirundi as the publisher are produced or commissioned by Magara Times. To address comments or complaints, please Contact us.

0 Comments

No comments!

There are no comments yet, but you can be first to comment this article.

Leave reply

Laisser un commentaire

Aller à la barre d’outils